Leicester yatsinzwe na Barcelona muri Suede

4 Aug


Ahmed Musa celebrates scoring for Leicester City against BarcelonaImage copyright
Reuters

Image caption

Ahmed Musa yatsinze ibitego 13 mu nkino 30 z’umugwi wa CSKA Moscow mu mwaka uheze

Umukinyi Leicester City iherutse kugura £16, Ahmed Musa ni we yatsinze ibitego bibiri mu rukino batsinzemwo 4-2 mw’ihiganwa ry’imigwi yatwaye ibikombe mu bihugu vyabo.

Munir ni we yinjije ubwa mbere ku mupira Messi yari ahereje Luis Suarez.

Munir kandi ni we yinjije igitego ca gatatu.

Image copyright
Getty Images

Image caption

Lionel Messi ntiyinjije muri urwo rukino ariko yagize uruhara mu bitego bitatu kuri bine umugwi wiwe watsinze.

Abakinyi b’imbere Jamie Vardy yongereje ikiringo ciwe co gukinira uwo mugwi mu kwezi kwa gatandatu na Riyad Mahrez vyavugwa ko azoja muri Arsenal, bose baratanguye mu kibuga.

Co kimwe na Messi, uwahoze akinira Liverpool Suarez ari kumwe na Javier Mascherano na Sergio Buaquets na bo batanguye mu kibuga ku ruhande rwa Barcelone.

N’aho batsinzwe, Claudio Raniero yarashimagije uwo munye Nigeria Musa, yaje muri uwo mugwi avuye muri CSKA Moscow mu kwezi kw’indwi, ingene yatsinze ivyo bitego agomboye mu gice ca kabiri c’urukino.

facebooktwittergoogle_plusredditpinterestlinkedinmail

No comments yet

Leave a Reply